Saturday, January 18, 2025
Saturday, January 18, 2025
spot_img
HomeOther News Drama-T , Double -Jay Once Again boba bagiye kubukura mucibo muruyumwaka wa...

 Drama-T , Double -Jay Once Again boba bagiye kubukura mucibo muruyumwaka wa 2023.

Amakuru dufise yemezako abaririmvyi Drama-T na Double -Jay baraye bahamagawe muco bise Caravane :Bujumbura-Bururi-Rutana-Gitega-Muramvya-Bugarama ciswe”Map Tours and Travels”kizoba guhera kwigenekerezo rya 8 gushika igenekerezo rya 9 Ruheshi 2023.

Mwomenyako kuruhande rwa bigeme Umuririmvyikazi azwi kwizina rya Vania Ice ariwe azoherekeza ivyobihangange bibiri muriyo caravane.

Vania Ice yagize ati “niteka ridasanzwe kuri jewe kuko sinaheruka kwinziza akanoti biciye mu birori nkibi, ariko ubu ndabonako imiryango yongeye kwunyugurukira ,rero nemereye abakunzi bumuziki ndundi kuzobanezereza,kandi ndizera ko iyi arintango akarimbere karahinda”

Double-Jay Once -Again wewe ntiyigumije yavuze ati “ndonse amahirwe biciye muriyi evenema yugushika muntara zitandukanye zigihugu cacu ,aha rero nakaryo keza kubakunzi banje batari bwambone mwizo ntara kumbona hama ninzize akanoti nshobore nukwiteza imbere.

Ariko Drama-T wewe yagize ati “uyumwaka nuwanje murabizi ko ntegerezwa gushikana umuziki ndundi kurundi rwego, rero kuba bampisemwo numugisha kuribo no kuri jewe.
Twobibutsako iyo caravane yateguwe na “Cristal Event” ifadikanije na Fidèle NIKOYAGIZE ahagarariye Map Travels Tours muntumbero yukurata ivyiza bitatse igihugu c’Uburundi n’uguteza imbere abaririmvyi babarundi bafatiye kumpano zabo.

Drama-T , Double -Jay Once Again boba bagiye kubukura mucibo muruyumwaka wa 2023.
Theos Munyetwari
Theos Munyetwari
Theos Munyentwali ni Umwanditsi mukuru w’Ikinyamakuru ITYAZO Yatangiye gukorera iki kinyamakuru muri Nzeli 2016, afite Impamyabumenyi y’Icyiciro cya Kabiri cya Kaminuza (A0) mu Itangazamakuru n’Itumanaho yakuye muri Kaminuza y’u Rwanda Ishuri ry’ itangazamakuru n’ itumanaho
Andi makuru

Musubize

Shyira hano igitekerezo cyawe!
Injiza izina ryawe

- Kwamamaza -spot_img

Izi ntuzicikwe

Verified by MonsterInsights