Wednesday, February 5, 2025
Wednesday, February 5, 2025
spot_img
HomeAndi makuruBurundi : Kubera iki Abatwa bijukiye uburimyi?

Burundi : Kubera iki Abatwa bijukiye uburimyi?

Mu Burundi, ntibimenyerewe ko abanyagihugu bo mu bwoko bw’Abatwa bagaragara cane barangura imirimo y’uburimyi.

Ariko ubu bisa nk’aho mu burere bumwe bumwe bw’igihugu ibintu bitanguye guhinduka.

Emmanuel Mvuyekure, Umutwa wo ku mutumba Rukoba akaba n’umuvyeyi w’abana umunani, avuga ko ibumba ritagishoboye gutunga Abatwa muri iki gihe c’iterambere ryahinduye ibintu vyinshi.

Yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: “Ubu ibumba ryarataye agaciro cane rwose, mbere umuntu yishinze kubumba n’inzara yomwica, yogwa mu bana bivanye n’ukuntu hagiye haraba ihindagurika.

“Urabona ingene ibintu vy’iterambere vyagiye biraba, abantu bagasuzugura inkono zacu bigira mu vy’amasafuriya, ugaca usanga inkono zitaye agaciro gurtyo”.

Ushitse ku mutumba Rukoba, zone na komine Gitega, usanga bamwe mu batwa akuya kabarenze bariko bararima.

Hari abo usanga bariko barashwabura ibiharage, abandi batorera imirima y’ibigori canke y’imyumbati.

Biraboneka ko hari vyinshi vyahindutse mu nyifato n’ingendo.

Mvuyekure agira ati: “Twaciye twibako, turavuga tuti ‘abandi banyagihugu ubuzima babayemwo ni ukurima’, duca duhitamwo rero gufata isuka umuntu arime.

“Aha twebwe twarateye ibiharage vy’agatasi. Urabona n’ibigori birimwo. Ibiharage twasoromye…”.

Ubasanze mu mirima ntiwomenya ko ari n’abatwa. Uja kubitahura ari uko bashitse mu mihana iwabo bagodotse, kubera bashika batangura kubumba inkono.

SRC:BBC NEWS GAHUZA

Andi makuru

Musubize

Shyira hano igitekerezo cyawe!
Injiza izina ryawe

- Kwamamaza -spot_img

Izi ntuzicikwe

Verified by MonsterInsights