Wednesday, February 5, 2025
Wednesday, February 5, 2025
spot_img
HomeOther NewsAbacuraranzi barenga ijana nibo Umugwi"LES JUMEAUX MUSIC umaze kuramura kuva mumwaka wa...

Abacuraranzi barenga ijana nibo Umugwi”LES JUMEAUX MUSIC umaze kuramura kuva mumwaka wa 2013.

“Mr Polite na N-Blez”bamenyekanye cane kundirimbo zitandukanye nka “KANZIZA “”MAMA “,ndetse no kundirimbo “ABAPAPA “iriko ivuzwa cane n’amasamirizi atandukanye yaha i Burundi ngobarishimira cane intambwe bagezeko ugereranije nuko vyari biri muntango.

Amakuru adushikira nuko hambavu yugutanguza umugwi bise “Les JUMEAUX MUSIC “uvuza umuziki wikibiriraho muri commune ya NTAHANGWA mu Gisagara ca Bujumbura, bamenyeshako basanzwe bigisha urwaruka rutandukanye kuvuza ibicurarangisho (Drums),Ibitare (guitars), nukuvyensitara kubuhinga bwa none. Ngwivyo vyose babikora kugira baterere mwiterambere ry’urwaruka kugira narwo rushobore kwiha akazi ubwarwo kandi rushobore kwiteza imbere.

Amakuru adushikira nuko kuva mumwaka wa 2013 , bamaze gusohora urwaruka rugera kwi 100.Urwo rwaruka rukaba ruvugiriza iyindi migwi (bands)itandukanye yahi i Bujumbura. Twobibutsako “Mr Polite” avuka muntara ya Muyinga, “N-Blez “nawe akaba avuka muntara ya Kirundo bakaba bahuriye kuri kaminuza y’Uburundi (Campus Kiriri)mu mwaka wa 2010.
Ubu rero Barishimira intambwe bagezeko kuko les jumeaux music yahavuye ihinduka ishirahamwe rizwi n’amategeko maze rica rishiraho “Les jumeaux music Bar “mu kamenge:Gituro 2 arinaho basanzwe bavugiriza umuziki w’ikibiriraho.

Les JUMEAUX music “Mr Polite na N-Blez “[/caption

Theos Munyetwari
Theos Munyetwari
Theos Munyentwali ni Umwanditsi mukuru w’Ikinyamakuru ITYAZO Yatangiye gukorera iki kinyamakuru muri Nzeli 2016, afite Impamyabumenyi y’Icyiciro cya Kabiri cya Kaminuza (A0) mu Itangazamakuru n’Itumanaho yakuye muri Kaminuza y’u Rwanda Ishuri ry’ itangazamakuru n’ itumanaho
Andi makuru

Musubize

Shyira hano igitekerezo cyawe!
Injiza izina ryawe

- Kwamamaza -spot_img

Izi ntuzicikwe

Verified by MonsterInsights