Umurwi wa mbere w’abakozi b’abimukira bagiye gukorera mu bihugu vy’abarabu mu buryo bwemewe n’amategeko wafashe indege kuri uyu wa gatatu italiki ya 17 Gicyurasi 2023 ku kibuga c’indege cyitiriwe prezida Melchior Ndadaye.
Ico gikorwa kibaye inyuma y’uko hari hazindutse amakuru avuga ko gishobora gusubikwa kikimurirwa ku wa gatanu italiki 19/05/2023, kubera ko i kompanyi y’indege ya Ethiopian Airlines yari yavuze ko itaza kuronka ibibanza bikwiye nk’uko isoko ryacu ryo mu bushikiranganji bw’ububanyi n’amahanga ryabitumenyesheje.
Mu nyuma y’aho, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji yahavuye agirana ibiganiro vyihariye na Kompanyi ya Ethiopian Airlines, gutyo ibibanza biraboneka vyoroshe, bica bituma ico gikorwa kiba nk’uko vyari bitegekanijwe mbere.
Mwomenya ko abakozi bagiye bangana na 11 bakaba bagizwe n’abakenyezi hamwe n’abakiri bato (urwaruka). Bitegekanijwe ko abandi bashika kuri 49 bazoca bagenda kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Gicyurasi 2023.
Abo bakenyezi n’abakobwa baka babanje kuronswa amahugurwa/inyigisho z’ivyirwa bijanye n’indimi z’icongereza n’Icarabu hamwe n’ivyirwa bijanye n’ivyo guteka (Hôtellerie)
Twobibutsa ko muri ayo masezerano, igihugu ca Arabie Saoudite cemeye kuzotanga akazi ku bakozi b’abarundi hamwe n’abakozi bo mu nzu. Ayo masezerano akaba yateweko umukono na Reta y’Uburundi kw’igenekerezo rya 03 mu kwezi kwa gutugutu 2021
Iryo tegeko rikaba ryemejwe ijana kw’ijana n’abashingamateka ku wa kane igenekerezo rya 21 ndamukiza 2022.
Ayo masezerano akaba ajanye no gukingira agateka k’abakozi n’abakoresha hamwe no guhana amasezerano y’akazi bisunze mu mategeko.
Ku bijanye n’uburyo buzwi nka KAFALA butorohereza abakozi, aho umukozi atemererwa guheba akazi adahawe uruhusha n’umukoresha, abirenzeko agashobora gufungwa, Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yasiguye iryo tegeko mu nteko ishinga amategeko yamenyesheje ko Leta izoshiraho amategeko mperekeza azotuma abakozi b’abarundi badafatwa n’iyo ngingo. Ikindi ngo n’ugukubagurwa, ugufatwa ku nguvu n’ayandi mabi akunze gukorerwa abanyamahanga, ayo mategeko azoba aje gukingira abarundi vy’umwihariko.
Mu mwaka wa 2021, abakenyezi 424 harimwo n’abigeme nibo batwawe nk’inyagano bajanwa kugurishwa mu bihugu vy’abarabu na cane cane Arabie Saoudite, Oman, Koweit, Qatar n’ibindi nk’uko biri mu matohoza yakozwe na ONLCT où est ton frère.
Muri rapport y’igisata ca Reta ya Amerika (Département d’Etat Américain) yo ku wa 1 mukakaro 2021, imenyesha ko u Burundi bwateye intambwe buva mu murwi wa gatatu buja mu murwi wa 2 mu mwaka wa 2021. Ikindi ngo u Burundi buri mu bihugu vyagize akigoro kaboneka mu kwubahiriza ingingo zafashwe zo kurandurana n’imizi urudandazwa rw’abantu.
Mwomenya ko u Burundi busanzwe bwarateye umukono ku masezerano yo gukinga no guhana ibikorwa vyose bifatiye k’urudandazwa rw’abantu hamwe no gukingira abahuye n’ivyago bifatiye kuri urwo rudandazwa nk’uko tubisanga mw’itegeko no 1/28 ryo ku wa 29 gitugutu 2014.
Inyuma ya Arabie Saoudite, bitegekanijwe ko hazoca hakurikira igihugu ca Qatar kuko ku wa 7 Ntwarante 2023 niho umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Amb. Albert Shingiro ari kumwe n’umushikiranganji wa Reta ya Qatar ajejwe abakozi n’akazi, batera umukono ku masezerano yo guhanahana abakozi hagati y’ivyo bihugu vyompi (Burundi-Qatar).