Mu kiganiro yahaye abamenyashamakuru, Hawa Cissé Wagué aserukira Banque mondiale mu Burundi yamenyesheje ko igice c’amasezerano ari hagati y’Uburundi n’ibanki y’isi yose carangiye. Ayo masezerano yatanguye mu 2019 akaba yarangiye 2024
Ku vyerekeye intererano y’ibanki y’isi yose mu gutorera inyishu ikena ry’igitoro, Hawa Wagué agira ati: “Gushika ubu, nta masezerano ari hagati ya Reta y’Uburundi n’ibanki y’isi mu gisata c’igitoro. Ariko tuzoganira na Reta kugira turabe ingene twofasha”
Uwo muhinga wo mw’ibanki y’isi yose arongera ati: “Intambwe ya mbere iterwa na Reta, ikarondera inzira yo gutorera umuti ico kibazo c’igitoro. Ibanki y’isi iza kwunganira Reta mu gushira mu ngiro uwo mugambi.”
Uwo muserukizi aranavuga amafaranga Banque mondiale yagiye iratanga mu Burundi. Ati: “Gushika uyu munsi, ibanki y’isi yose yahaye Uburundi ingabire iciye imiriyoni z’amadorari arenga 1.906. Ayarenga 1.212 ntarakora. Igisata c’amasoko ntanganguvu hamwe n’igisata c’amagara y’abantu ni vyo bifise imigambi irimwo amafaranga menshi. Igisata c’amasoko ntanganguvu kirimwo ibice 27, nayo igisata c’amagara y’abantu kirimwo ibice 13%.”
Mu 2024, ibanki y’isi yose yagabiye Uburundi imiriyoni 703 z’amadorari y’abanyamerika yo gushigikira imigambi mikuru mikuru. N’aho bir’uko, Hawa Wagué amenyesha ko hari intambanyi zibiri nkuru nkuru zahungabanije imigambi ishigikiwe n’ibanki y’isi yose. Aho twovuga ubwa mbere ikena ry’igitoro ryatumye ibikorwa vyo kwubaka amashure, amavuriro, ibiraro… birindira. Eka mbere n’abakozi birabagora gushika mu bibanza imigambi iberamwo. Itambanyi igira kabiri ni iy’uko gutanga amasoko y’imigambi ishigikiwe n’ibanki y’isi vyateba. Abakozi ba Reta bari muri iyo migambi ntibafise ubumenyi bukwiye mu vyerekeye ingene amasoko atangwa. Ivyo bigatuma imigambi iteba kandi amafaranga adasohoka
Akarorero ni umugambi Nyakiriza, watanguye mu 2020, wari kurangira mu 2026. Ariko, ku mashure 535 yari kuronka amaziko y’akarorero, 122 gusa ni yo amaze kuronka. Ku mavuriro, 445 yarikuronka amatara yavuye ku mishwara y’izuba. 122 ni yo amaze kuronka gusa.