Ubuyobozi bw’iseminari Nkuru yitiriwe umweranda Yohani Paulo wa kabiri i Gitega buramenyesha ko bubabajwe cane nuko hari abagizi ba nabi bubahutse kwiba umusaraba w’icuma wari ushinze mu kibanza citiriwe umweranda yohani Paulo wa kabiri. Biri mw’itangazo ubuyobozi bw’iyo seminari bwasohoye kur’uyu wa 11 Nzero 2025.
Mur’iryo tangazo, Patiri Lambert Niciteretse, arongoye iyo seminari yagize ati:”Dufatiye kukamaro n’agaciro ico kibanza gifise, ukwiba uwo musalaba, kuko ariho Umweranda Yohani Paulo wa kabiri yasomeye imisa igihe yaza mu Burundi mu 1990, ukwiba Umusaraba wari uhashinze ni uguhumanya ivyeranda”.
Uyo muyobozi akibutsa ko umuntu yiba umusalaba, aba ahumanije ivyeranda abemera bose basonera. Yongerako ataba akoze igicumuro kigoye gusa, ngo aba akoze icaha gihanwa n’amategeko y’Ekleziya, nk’uko biri mu ngingo y’ 1369 y’igitabu c’amategeko y’Ekleziya, aho uwo ahumanije ivyeranda aba yikwegeye amahano amubuza gushikira urukiza rw’lmana.
Ubwo buyobozi bugasaba ko uwo wese yomenya umuntu yivye uwo musaraba canke akumva aho bariko barawugurisha yoca abimenyesha.
SRC:TUYAGE EJO TV